Wednesday 28 December 2011


Yanditswe ku minsi 12 / 24 /2011 - 3:45:41
Kabila na Tshisekedi.
Ifoto: Yahoo

 Nkuko yabyitangarije ubge mu minsi ishize, Etienne Tshisekedi wa Mulumba yarahiriye kuyobora igihugu ca Congo ejo hashije umunsi wa gatanu, iminsi 24 z'uku kwezi kwa 12. Amakuru dukesha Africa Review, ibi birori byari biteganyijwe kubera ku kiwanja citwa Martyrs i Kinshasa ariko abashinzwe umutekano baragifunze baranakirinda mu buryo bukomeye yuko ibyo yashakaga kugikoreramo byari binyuranyije n'amategeko. Tshisekedi yahisemo kurahirira iwe murugo i Kinshasa. Tubibutse yuko iwe, ahabereye ibi birori, umutekano wari wakajijwe bikomeye n’abashinzwe umutekano.

Nkuko Africa Review ikomeza ibyandika, Etienne Tshisekedi yavuze yuko azarahizwa n'abaturage ba Congo mu gihe abandi bayobozi b'ibihugu barahizwa n'abacamanza cangwa abandi bantu babifitiye ubushobozi. Abaturage ba Kinshasa bakunze Tshisekedi cane ari nayo mpamvu bumva ko ariwe perezida wabo w’ukuri.

Kubera ibi birori by'irahira rya Tshisekedi iwe murugo, i Kinshasa hiriwe umutekano muke kandi abantu bake gusa nibo babashije kuja k'utuzi no gukora ibindi bikorwa bitandukanye. Abayoboke ba Tshisekedi bari baje ari benshi ku kiwanja citwa Martyrs kugira ngo bibere abahamya mw'irahira rye. Ariko kubera yuko abapolisi bari bazindutse kurwanya uwo mugambi ari benshi, babashije gushwiragiza abo bantu bifashishije bya byuka biryana mu maso. Tubibutse yuko abapolisi bari bahawe itegeko ryo kutarasa bakoresheje imbunde zabo.

Amakuru dukesha ibinyamakuru bitandukanye, Tshisekedi yahisemo gukora ibi yibgira yuko amahanga amushigikiye, dore ko imiryango mpuzamahanga hamwe na za Leta nka Amerika bagaragaje impungenge bafite mu byavuye mu matora yabaye muri Congo ku minsi 28 y'ukwezi kwa 11. Bemeje yuko aya matora atagaragayemo ukuri. Haribazwa umuntu cangwa igihugu caba kiri inyuma ya Tshisekedi.

Ese birashoboka yuko Congo izayoborwa n’abaperezida babiri?

No comments:

Post a Comment