Yanditswe ku minsi 12 / 24 /2011 - 3:45:41
Kabila na Tshisekedi.
Ifoto: Yahoo
Nkuko
yabyitangarije ubge mu minsi ishize, Etienne Tshisekedi wa Mulumba
yarahiriye kuyobora igihugu ca Congo ejo hashije umunsi wa gatanu,
iminsi 24 z'uku kwezi kwa 12. Amakuru dukesha Africa Review,
ibi birori byari biteganyijwe kubera ku kiwanja citwa Martyrs i
Kinshasa ariko abashinzwe umutekano baragifunze baranakirinda mu buryo
bukomeye yuko ibyo yashakaga kugikoreramo byari binyuranyije
n'amategeko. Tshisekedi yahisemo kurahirira iwe murugo i Kinshasa.
Tubibutse yuko iwe, ahabereye ibi birori, umutekano wari wakajijwe
bikomeye n’abashinzwe umutekano.
Nkuko Africa Review
ikomeza ibyandika, Etienne Tshisekedi yavuze yuko azarahizwa
n'abaturage ba Congo mu gihe abandi bayobozi b'ibihugu barahizwa
n'abacamanza cangwa abandi bantu babifitiye ubushobozi. Abaturage ba
Kinshasa bakunze Tshisekedi cane ari nayo mpamvu bumva ko ariwe perezida
wabo w’ukuri.
Kubera ibi birori by'irahira rya
Tshisekedi iwe murugo, i Kinshasa hiriwe umutekano muke kandi abantu
bake gusa nibo babashije kuja k'utuzi no gukora ibindi bikorwa
bitandukanye. Abayoboke ba Tshisekedi bari baje ari benshi ku kiwanja
citwa Martyrs kugira ngo bibere abahamya mw'irahira rye. Ariko kubera
yuko abapolisi bari bazindutse kurwanya uwo mugambi ari benshi,
babashije gushwiragiza abo bantu bifashishije bya byuka biryana mu maso.
Tubibutse yuko abapolisi bari bahawe itegeko ryo kutarasa bakoresheje
imbunde zabo.
Amakuru dukesha ibinyamakuru
bitandukanye, Tshisekedi yahisemo gukora ibi yibgira yuko amahanga
amushigikiye, dore ko imiryango mpuzamahanga hamwe na za Leta nka
Amerika bagaragaje impungenge bafite mu byavuye mu matora yabaye muri
Congo ku minsi 28 y'ukwezi kwa 11. Bemeje yuko aya matora atagaragayemo
ukuri. Haribazwa umuntu cangwa igihugu caba kiri inyuma ya Tshisekedi.
Ese birashoboka yuko Congo izayoborwa n’abaperezida babiri?
No comments:
Post a Comment