Wednesday 28 December 2011

IRAHIRA RYA PRESIDENT Joseph Kabila yarahiriye kuyobora Congo ubugira kabiri. Etienne Tshisekedi nawe aritegura kurahira muri iri yinga.
Yanditswe ku minsi 12 / 20 /2011 - 5:39:39
Joseph Kabila mu birori.
Ifoto: AFP

ARIZONA, AMERIKA - Uyu munsi wa kabiri, ku minsi 20, 2011, nibgo i Kinshasa ku murwa mukuru wa Congo haberaga imihango y’irahira rya Joseph Kabila nka perezida wa Congo. Agiye kuyobora mu gihe c’imyaka itanu iri mbere. Amakuru dukesha Euronews, Perezida Kabila yasezeranyije Abakongomani yuko azazamura ubucuruzi mu gihugu hamwe no kubaka igihugu nyuma y’ibibazo canyuzemo mu myaka ishize. Mw’ijambo rye kuri uyu munsi wo kurahira, Kabila yashimiye Abakongomani ababgira yuko bagaragaje yuko bakuze mu bijanye na politike kuva amatora yatangira kugeza arangiye. Nkuko AFP (ikinyamakuru candikirwa mu Bufaransa) yabivuze, ibi birori byagaragayemo abantu bake b’abanyamahanga basanzwe bakorera imirimo yabo muri Congo. Yongeyeho ko Perezida Robert Mugabe wa Zimbabwe ariwe mukuru w’igihugu wenyine witabiriye ibi birori.

Andi makuru dukesha AFP avuga yuko Leta Zunze Ubumwe za Amerika zitashimishijwe n’icemezo c’urukiko rw’ikirenga rwa Congo mu kwemeza yuko Kabila ariwe watsinze amatora. Ibiro by’ububanyi n’amahanga bya Amerika byagize biti: “Turasaba dushimitse abayobozi ba Congo n’ababashigikiye kwiyemeza ibi bintu, kwanga ubugizi bga nabi, no gukemura ukutumvikana kose biciye mu mahoro n’ibiganiro byubaka.” 

Mu rundi ruhande, Umusaza w’imyaka 79 Etienne Tshisekedi akomeje guhakana ibyavuye mu matora, ahubgo avuga ko ariwe watorewe kuyobora Congo. Abapolisi benshi boherejwe mu gace ishaka rye rikoreramo (mu burasirazuba bga Limete). Mu muji wa Bukavu, igipolisi cahagaritse abantu umunani bashakaga kwigaragambya. Tubibutse yuko iyi myigaragambyo yari yateguwe n’ishaka rya Vital Kamerhe. 

Ese Etienne Tshisekedi azarahira nkuko bivugwa? 

DORE AMWE MU MAFOTO Y'IBYAHABEREYE.


Perezida Joseph Kabila mu birori.
Perezida Robert Mugabe mu birori.

No comments:

Post a Comment