IRAHIRA RYA PRESIDENT Joseph Kabila yarahiriye kuyobora Congo ubugira kabiri. Etienne Tshisekedi nawe aritegura kurahira muri iri yinga.
Yanditswe ku minsi 12 / 20 /2011 - 5:39:39
Joseph Kabila mu birori.
Ifoto: AFP
ARIZONA, AMERIKA - Uyu munsi
wa kabiri, ku minsi 20, 2011, nibgo i Kinshasa ku murwa mukuru wa Congo
haberaga imihango y’irahira rya Joseph Kabila nka perezida wa Congo.
Agiye kuyobora mu gihe c’imyaka itanu iri mbere. Amakuru dukesha Euronews,
Perezida Kabila yasezeranyije Abakongomani yuko azazamura ubucuruzi mu
gihugu hamwe no kubaka igihugu nyuma y’ibibazo canyuzemo mu myaka
ishize. Mw’ijambo rye kuri uyu munsi wo kurahira, Kabila yashimiye
Abakongomani ababgira yuko bagaragaje yuko bakuze mu bijanye na politike
kuva amatora yatangira kugeza arangiye. Nkuko AFP
(ikinyamakuru candikirwa mu Bufaransa) yabivuze, ibi birori
byagaragayemo abantu bake b’abanyamahanga basanzwe bakorera imirimo yabo
muri Congo. Yongeyeho ko Perezida Robert Mugabe wa Zimbabwe ariwe
mukuru w’igihugu wenyine witabiriye ibi birori.
Andi makuru dukesha AFP avuga yuko
Leta Zunze Ubumwe za Amerika zitashimishijwe n’icemezo c’urukiko
rw’ikirenga rwa Congo mu kwemeza yuko Kabila ariwe watsinze amatora.
Ibiro by’ububanyi n’amahanga bya Amerika byagize biti: “Turasaba
dushimitse abayobozi ba Congo n’ababashigikiye kwiyemeza ibi bintu,
kwanga ubugizi bga nabi, no gukemura ukutumvikana kose biciye mu mahoro
n’ibiganiro byubaka.”
Mu rundi ruhande, Umusaza w’imyaka
79 Etienne Tshisekedi akomeje guhakana ibyavuye mu matora, ahubgo avuga
ko ariwe watorewe kuyobora Congo. Abapolisi benshi boherejwe mu gace
ishaka rye rikoreramo (mu burasirazuba bga Limete). Mu muji wa Bukavu,
igipolisi cahagaritse abantu umunani bashakaga kwigaragambya. Tubibutse
yuko iyi myigaragambyo yari yateguwe n’ishaka rya Vital Kamerhe.
Ese Etienne Tshisekedi azarahira nkuko bivugwa?
DORE AMWE MU MAFOTO Y'IBYAHABEREYE.
Perezida Joseph Kabila mu birori.
Perezida Robert Mugabe mu birori.