Friday 11 November 2011

AMATEKA AMWE NA MWE YA NYARUKUNDO NIBITEKEREZO BYE KUBANYAMURENGE BARI MUMAHANGA NA KAZOZA KABO( Uko bibona n’inama abajyira)




Ikiganiro Imurenge.com yagiranye na Rose Mapendo Nyarukundo kubijanye n'ahazoza h'Umunyamurenge.
Yanditswe ku minsi 11 / 0111 /2011 - 5:13:28 Mwanditsi mukuru Manzi Bonny
Rose atanga ijambo k'umunsi mukuru w'impunzi muri Washington, D.C. (White House)
Ifoto:
Muri iki gihe Abanyamurenge bamaze kugwira mu mahanga ari benshi cane kubera intambara z'urudaca mu gihugu cabo ca Congo, ikibazo gikomeza kugaruka kenshi n'ikijanye n'ahazoza habo. Tuvuze ahazoza habo tuba dushatse kuvuga umuco, umutekano, iterambere, n'ibindi byinshi umuntu wese yatekereza. Kubera iyi mpamvu ndetse bibaka biri no mu nshingano za Umusanzu.blogspot.com, tugenda tuganiriza abantu batandukanye ku bijanye n'ahazoza h'Umunyamurenge muri Congo ndetse no mu mahanga.

Mu minsi ishize Imurenge.com yagiranye ikiganiro kirambuye na Rose Mapendo Nyarukundo. Nyuma y’iki kiganiro, twateguye inkuru zibiri. Iyi n’inkuru ya mbere, iya kabiri izashirwa ku rubuga mu minsi iri mbere. Nyarukundo n'umumama w'Umunyamurenge utuye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Amaze kugera kuri byinshi cane mu rwego rw'isi. Mu byo yagezeho harimo firime yakinye yitwa “Pushing the Elephant” [iyi firime irakunzwe cane hirya no hino kw'isi; yabaye kandi iya mbere muri mwaka w‘2009 mu muryango w’abibumbye wita ku mpunzi. Bityo yegukana igihembo ciswe Humanitarian of the Year Award]. Nyarukundo yabaye impunzi ya mbere mu mateka y'isi gutanga ijambo mu gikorwa c’umuryango w’abibumbye wita ku mpunzi (UNHCR) citwa the Annual Tripartite Consultations on Resettlement i Geneve mu  gihuru c’u Busuwise.Nyarukundo kandi yamenyekanye cane mw'ishirahamwe Mapendo International. Iri shiramwe, ubu risigaye ryitwa Refugee Point, rishinzwe kwita ku mpunzi hirya no hino kw'isi. Ubu Nyarukundo n'umwe mu bakuriye umuryango  yatangije witwa Mapendo Horizons.


Rose Nyarukundo avuga ijambo umunsi yakiraga igihembo firime Pushing the Elephant yari yatsindiye mu mwaka w'2009 (Humanitarian of the Year Award). 

Mu kiganiro twagiranye nawe ku murongo wa telephone, twamubajije ibibazo byinshi.

Dore amwe mu magambo yavuze mu kiganiro:

- Ku bijanye n'Abanyamurenge muri rusange: Yavuze ko kuva kera kose Abanyamurenge barangwaga n'urukundo muri bo ariko ngo ubu bamwe rwabashizemo. Yavuze kandi ko ahatari umuco nta bgoko buba buhari. Yakomeje avuga ko umuco w'Abanyamurenge urangwa no kwibgirana. Umushitsi iyo yazindukaga, ntiyitwazaga ihamba kubera ko yafunguzaga mu muhana agezemo wose. Umushitsi yarishimirwaga cane iyo yabaga yatashe mu nzu y'umuntu. Ba nyiri rugo bamwakiraga ibyo yikoreye, bakamubikira inkoni, ndetse bakamufungurira. Yagarutse ku bijanye no kugaba inka. 

Abanyamurenge bagabiranaga inka. Gushima nawo n'ikintu kimwe mubigize umuco w'Abanyamurenge. Iyo umuntu yagabirwaga inka, buri gihe yirahiraga uwamugabiye. Iki n'ikimenyetso co gushima.

Umuco w'Abanyamurenge kandi urangwa no gutabarana. Iyo habaga hapfuye umuntu, abaturanyi baratabaraga. Umuco wa Kinyamurenge kandi warangwaga no kudahemuka. Abanyamurenge bari inyangamugayo. Ariko ubu ibintu byarahindutse; umuco waratakaye, ahubgo abantu bagenda batoragura iy'abandi aho bageze hose.

- Kubijanye n'iterambere no gukunda igihugu: Abantu bakagombye kugira ibitekerezo byo kwiteza imbere. Nta gihugu kidakizwa na banyiraco. Kubera ko batazi iyo bavuka, Abirabura b'Abanyamerika bahora bifuza kumenya ibihugu bakomokamo bifashishije ubuhanga bugezweho bgo gupima ico bita DNA. Abanyamurenge batuye mu mahanga bakwiriye gukomeza umuco wabo aho bari hose.

No comments:

Post a Comment