Abanyamurenge batuye mu mahanga baritegurira ihuriro ribahuza buri mwaka.
Yanditswe ku minsi 04 / 11 /2012 - 4:08:36
Umuji wa Des Moines
Ifoto: Google
Abanyamurenge batuye mu mahanga baritegurira ihuriro (convention) ribahuza buri mwaka. Mu mwaka ushize, nibgo iri huriro ryateranaga ubga mbere mu ntara ya Maine, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Uyu mwaka bikaba biteganyijwe yuko iki gikorwa kizabera mu muji wa Des Moines, mu ntara ya Iowa, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ku minsi 26 na 27 y'ukwezi kwa gatanu. Iyi gahunda itegurwa kandi igashirwa mu bikorwa n'umuryango w'Abanyamurenge muri Amerika na Canada, MAHORO.
Imurenge.com yashatse kumenya uko
iki gikorwa gitegurwa ndetse n'intego zaco, maze yegera umuyobozi mukuru
wa MAHORO, Jean Paul Murwanashaka. Mu kiganiro c'iminota 17 twagiranye
nawe k'umurongo wa telephone, Jean Paul yagize ati: "... Hashize imyaka
ibiri twaratangiye gukora ikintu nk'ico; twabitewe cane cane nuko
twabonye nta rubuga tuza tugira abantu bacu bose, guhera ku baje ino
mbere n'abaje nyuma. Nta rubuga twigeze tugira rwo kuvuga ngo
tuzozaduhura tuganire ku bibazo tugenda duhura nabyo mu buzima muri iki
gihugu... N'uburyo bgo gutegura urubyiruko rwacu kugira ngo rugerageze
guprofita ama opportunites ari muri kino gihugu niba twumva yuko
tuzagira ico tumarira igihugu cacu ejo hazaza." Jean Paul yakomeje avuga
yuko mu kwezi k'umunani Abanyamurenge bibuka ababo bazize akarengane
haba mu Gatumba ndetse na mbere y'aho, ariko ntibabone umwanya wo
kuganira ku bijanye n'ubuzima babayemo. Iyi ikaba ariyo mpamvu yatumye
bashiraho iki gikorwa co guhura buri kwezi kwa gatanu bahujijwe n'ibyo
biganiro gusa.
Abajijwe niba hari ico batekereza
mu bijanye no gufasha abasigaye mu gihugu, Jean Paul yavuze yuko hariho
ibikorwa umuryango MAHORO usanzwe ukora byo gutabara rimwe na rimwe,
birimo gusura abantu baba bahuye n'ibyago mdetse n'ibibazo by'ubuvugizi
ku bijanye n'ibibazo by'igihugu ca Congo (cane cane nk'igihe abantu
bahohotewe). Yakomeje asobanura yuko convention ihujijwe n'ibikorerwa mu
gihugu ca Congo mu buryo bubiri: uburyo bga mbere, muri convention haba
hari ibiganiro byinshi bijanye n'ubuzima ndetse n'iterambere rya Congo.
Ibi bigafasha abantu bari mu mahanga kubimenya no gufasha. Ikindi kandi
ari naco kinini, Jean Paul avuga yuko ntabgo abantu bazaza bicara ngo
bibgire yuko bazagera aho bashobora kuba bogira uruhare rugaragara muri
Congo, batarirema mu bihugu by'amahanga. Mu yandi magambo, Jean Paul
yavuze yuko nta kintu gifatika Abanyamurenge bazakora mu gihugu cabo
batarabanza ngo bafatike mu bihugu by'amahanga. Aha yavugaga ku bijanye
n'amikoro ndetse n'amashuri. Jean Paul yabajije ikibazo agira ati: "Ni
gute twategura abantu bacu kugira ngo ejo bazagire uruhare mu guteza
igihugu cacu imbere"? Yakomeje avuga yuko ibyo ari bimwe mu byo
Convention ishingiyeho.
Ikindi ciza c'iyi Convention, Jean
Paul yavuze yuko ari ugukomeza kwibutsa abantu kugira ngo bareke
kwibagirwa igihugu cabo. Mu magambo ye, yagize ati: "Uko tuzaza duhura
buri mwaka, tuzazatuvuga ibibazo ariko tubiganisha iwacu; yuko tutagumye
guhura byoza bitugora kugira ngo twese twibuke iwacu." Yongeye agira
ati: "Ntitwibagirwe iwacu ariko kandi ntitwihebe ngo ntaco tuhaye
tuhakorera yuko abantu benshi bakiri mu buzima bg'ubuhunzi, bitotubuza
gukora ibyo dushoboye, ariko tukareba kure tukavuga ngo niba dushaka
kuzakora ibiruta ibi bito dukora, tugomba kwemera gufata urugenzi rwo
kubitegura."
Jean Paul yakomeje avuga yuko iyi
Convention ari gahunda ya MAHORO ariko ko bazagenda bakorana n'indi
miryango y'Abanyamurenge ndetse n'indi miryango yose ishobora kwemera
gushigikira iki gikorwa.
Abajijwe ikintu kidasanzwe
bateguye muri Convention y'uyu mwaka ugereranyije n'iy'umwaka ushize,
Jean Paul yavuze yuko bateganya kuzagenda babitunganya neza yuko iyabaye
umwaka ushize yari iya mbere. Hariho ibiganiro bimwe na bimwe byakozwe
umwaka ushize bumva yuko ari ngombga yuko byongera kugaruka uyu mwaka.
Avuga yuko uyu mwaka hazakorwa ibikorwa bitandukanye by'imyidagaduro mu
basore, harimo gusetsa abantu, n'ibitaramo by'umuco; hateganywa kandi
gutumirwa abaririmbyi bakomeye. Gusa ubu bakaba bataramenya neza
abazatumirwa, baba abo mu Rwanda cangwa abo muri Amerika. Ku minsi 26,
umunsi w'iposho, hateganyijwe igitaramo c'abaririmbyi (concert).
No comments:
Post a Comment