UMUJYANAMA WA PRESIDA KABILA YITABYE IMANA
INKURU IBABAJE: Umujanama mukuru wa Perezida
Joseph Kabila yahitanywe n’impanuka y’indege naho guverineri wa Kivu
y’amajepfo arakomereka.
Yanditswe ku minsi 02 / 13 /2012 - 3:46:47
Iki nico kiwanja c'indege c'i Bukavu.
Ifoto: Google
IOWA, AMERIKA - Amakuru dukesha Al Jazeera
n’ay’impanuka y’indege yabereye mu ntara ya Kivu y’amajepfo, mu gace
kegereye umuji wa Bukavu. Iyi mpanuka y’indege yabaye ejo umunsi
w’iyinga. Nkuko byatangajwe na Richard Ilunga, iyi ndege yari irimo
abatwara indege (pilots) babiri hamwe n’abagenzi basanzwe 10. Uyu
Richard niwe watangaje urupfu rwa Augustin Katumba Mwanke, umujanama
mukuru wa Perezida Joseph Kabila. Minisitiri ushinzwe transiporo muri
Kivu y’amajepfo Laban Kyalangalilwa yatangaje yuko Minisitiri w’imari
Matata Ponyo Mapon na guverineri wa Kivu y’amajepfo Marcellin Cishambo
Rohuya bari bantu babashije kurokoka iyi mpanuka.
Umujanama mukuru wa Perezida
Kabila yapfanye n’umwe mu batwaraga iyi ndege. Akimara kurokoka,
guverineri wa Kivu y’amajepfo yahise ajanywa mu bitaro kugira ngo
yitabgeho n’abaganga mu buryo bgihuye cane. Kyalangalilwa yakomeje avuga
yuko abenshi mu bantu bari muri iyi ndege babashije kurokoka. Avuga
kandi yuko bataramenya neza impamvu y’iyo mpanuka ariko ko bakomeje
gutegereza ibizava mw’iperereza. Tubibutse yuko iyi ndege yari iy’abantu
bikorera ku giti cabo.
Ubusanzwe Congo ifite ikibazo
gikomeye mu rwego rwa transiporo, aho usanga igihugu kinini kandi gifite
ubutunzi nka kiriya kibura amabarabara. Impanuka z’indege ntizisiba
guhitana abantu. Indege ya Hewa Bora Airways iri ku rutonde rw’indege
zahagaritswe n’umuryango w’ibihugu by’iburaya bitewe n’ikibazo
c’umutekano ariko usanga muri Congo yemerewe gukora.
No comments:
Post a Comment