Tuesday 14 February 2012

UMUJYANAMA WA PRESIDA KABILA YITABYE IMANA
INKURU IBABAJE: Umujanama mukuru wa Perezida Joseph Kabila yahitanywe n’impanuka y’indege naho guverineri wa Kivu y’amajepfo arakomereka.
Yanditswe ku minsi 02 / 13 /2012 - 3:46:47

Iki nico kiwanja c'indege c'i Bukavu.
Ifoto: Google

IOWA, AMERIKA - Amakuru dukesha Al Jazeera n’ay’impanuka y’indege yabereye mu ntara ya Kivu y’amajepfo, mu gace kegereye umuji wa Bukavu. Iyi mpanuka y’indege yabaye ejo umunsi w’iyinga. Nkuko byatangajwe na Richard Ilunga, iyi ndege yari irimo abatwara indege (pilots) babiri hamwe n’abagenzi basanzwe 10. Uyu Richard niwe watangaje urupfu rwa Augustin Katumba Mwanke, umujanama mukuru wa Perezida Joseph Kabila. Minisitiri ushinzwe transiporo muri Kivu y’amajepfo Laban Kyalangalilwa yatangaje yuko  Minisitiri w’imari Matata Ponyo Mapon na guverineri wa Kivu y’amajepfo Marcellin Cishambo Rohuya bari bantu babashije kurokoka iyi mpanuka. 

Umujanama mukuru wa Perezida Kabila yapfanye n’umwe mu batwaraga iyi ndege. Akimara kurokoka, guverineri wa Kivu y’amajepfo yahise ajanywa mu bitaro kugira ngo yitabgeho n’abaganga mu buryo bgihuye cane. Kyalangalilwa yakomeje avuga yuko abenshi mu bantu bari muri iyi ndege babashije kurokoka. Avuga kandi yuko bataramenya neza impamvu y’iyo mpanuka ariko ko bakomeje gutegereza ibizava mw’iperereza. Tubibutse yuko iyi ndege yari iy’abantu bikorera ku giti cabo. 

Ubusanzwe Congo ifite ikibazo gikomeye mu rwego rwa transiporo, aho usanga igihugu kinini kandi gifite ubutunzi nka kiriya kibura amabarabara. Impanuka z’indege ntizisiba guhitana abantu. Indege ya Hewa Bora Airways iri ku rutonde rw’indege zahagaritswe n’umuryango w’ibihugu by’iburaya bitewe n’ikibazo c’umutekano ariko usanga muri Congo yemerewe gukora.

No comments:

Post a Comment